Union Africaine itegetswe n'umgore

Jean Ping na Nkosazana Zuma Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Mu kwa mbere Jean Ping na Nkosazana Dlamini Zuma nta n'umwe yari yaronse amajwi asabwa.

Ishirahamwe rya Africa ryaraye ritoye Nkosazana Dlamini-Zuma wo muri Africa y'epfo ngo abe umukuru waryo mushasha, akaba ariwe mugore wa mbere agiye muri ico kibanza.

Dlamini-Zuma yarushije Jean Ping aturuka muri Gabon ariwe yahor aarongoye iryo shirahamwe.

Mu kwezi kwa mbere nta n'umwe yari yaronse amajwi abiri kuri atatu asabwa bica bituma Jean Ping abandanya kurongora iryo shirahamwe ayandi mezi atandatu.

Iryo higanwa ryatumye ibindi bibazo nk'umutekano n'urudandazwa bisa n'ivyibagiwe.

Amatora yakozwe hakurikijwe indimi zikoreshwa mu bihugu abitoza bavamwo.

Abavuga icongereza bakaba bashigikiye Nkosazana Dlamini-Zuma, abakoresha igifaransa nabo bashigikira Jean Ping.

Dlamini-Zuma yahavuye aronka amajwi 37 ku 54 y'abagize iryo shirahamwe guto aca ashikana 60% akenewe kugira atorwe.

Uwo mugore w'imyaka 63 yari asanzwe ari ministre was Africa y'epfo ajejwe umutekano mu gihugu hagati , yaranabaye ministre ajejwe imigenderanire n'uwamagara y'abantu.

Niwe mu ba ministre bamaze igihe kirekire muri ayo mabanga muri Africa y'epfo.