Urubanza rwa Mau Mau rwatanguye

Mau Mau Uwufise ububasha kw’isanamu .
Image caption Aba Mau Mau bagwanya Abongereza barondera ko Kenya kironka ubwigenge

Abanye Kenya batatu bavuga ko bishwe urubozo n'ubutegetsi bwa gikoroni bw'Ubwongereza bajanye urubanza rwabo muri sentare nkuru hano Londres barondera ko borangiza ubuzima bwabo basubijwe agateka.

Abo banye Kenya bari abagwanyi ba Mau Mau bajanye urubanza rwabo muri sentare nkuru i Londres kugira basabwe ikigognwe bahabwe n'indishi y'akababaro na leta y'Ubwongereza.

Abashingwamanza babo bavuga ko baserukora abandi banye Kenya amajana bakorewe amahano mu myaka ya 50 na 60.

Leta y'Ubwongereza yatanguye kuvuga ko ataco yobazwa. Ubushikiranganji bw'imigenderanire bwari bewatanguye kuvuga ko buzokwerekana ko ibisabwa bidashoboka uravye igihe kihaciye n'urusobekerane rw'ibibazo vy'amategeko n'ibwirizwa nshingiro uwro rubanza ruzana.