Uburusiya ntiburota gusaba Assad kuvaho

Sergei Lavrov Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Sergei Lavrov avuga ko abanyabulaya bigenza ku Burusiya ku kibazo ca Syria

Ministre w'Ubururisiya ajejwe imigdnesranire ,Sergei Lavrov, yavuze ko ivyo abanyabulaya bagerageza kugirango Uburusiya buhindure politike yabwo kuri Syria ataho bitandukaniye n'akigenzo.

Mu kiganiero yahaye abanyamakuru, Lavrov yavuze ko abanyabulaya bihenda mu kwitega ko Uburusia bushobora kwumvisha prezida wa Syria Bachar al Assad gutanga imihoho bivanye n'abagihugu bakimushigikiye.

Abagwanya leta muri Syria bavuga ko ingabo za leta zishigikiwe n'ibiduga vy'intambara barungitswe hafi yo hagati mu murwa mukuru Damas.

Bavuga ko arizo ngabo za mbere nyinshi zikwiragijwe mu gisagara kuva umugumuko watangura.

Hari umukuru aba ku murwa mukuru Damas yavuze ko yumvie ibisasu bituirika, igisagara cahora ari uruja n'uuruza ubu ngo kikaba kimeze nk'ikitakibamwo abantu.