Uwahoze atwara Tunisia yaciriwe uwo guherayo

Ben Al Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Zine El Abdine Ben Ali

Sentare ya gisirikare yo muri Tunisia yagirije Zine El Abdine Ben Ali ko yagize uruhara mw'iyicwa ry'abantu 43 bari mu myiyerekano yamukuye ku butegetsi mu mwaka uheze.

Yahungiye muri Arabia Saudite n'umuryango wiwe kandi birakekwa ko n'ubu ariho akiri.

Uwahoze ayoboye abajejwe umutekano wa Ben Ali akiri president nawe yakatoiwe gupfungwa imyaka 20, nayo uwari umushikiranganji w'intwaro yo hagati akatirwa imyaka 15.