Intambara zirakomeza muri Syria

Syria Damas Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Syria Damas

Leta ya Syria imenyesha ko abasirikare bayo bariko barakurikirana abo yita ko ari abakora iterabwoba, abarwanya leta bakavuga ko hakoreshejwe ibirwanisho vya rutura na za kajugujugu.

Abarwanya leta bemeza ko ariyo ntambara ya mbere ikomeye babonye kuva umurwa mukuru Damas utanguyemwo intambara.

Abo barwanya leta bemeza kandi ko hari igisasu caguye ku bari bagiye guhamba ababo kirungitswe na kajugujugu, gihitana abantu 60.

Hari amakuru avuga ko imodokari za gisirikare ziriko zigana iDamas mu murwa mukuru.