Ibitero muri Iraq

Ibitero muri Iraq Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ibitero muri Iraq

Muri Iraq habaye ibitero byagabwe ahantu hatandukanye. Byinshi byari bigambiriye abashinzwe umutekano. Bikaba byahitanye abarenga 90, bikomeretsa abagera kuri 200.

Imodoka zari zitezemo ibisasu zahitanye abapolisi bari mu mihanda, naho ibisasu byo mu bwoko bwa mortier bigabwa mu bigo bya gisirikare.

Uyu niwo munsi ubaye mubi kuva aho ingabo z'Amerika ziviriye muri Iraq. Nko mu gitero cyagabwe mu ntara ya Salaheddin, hapfuye abasirikare 15.

Hari n'ibisasu byari biteze mu mamodoka byaturikiye mu murwa mukuru wa Baghdad no mu nkengero zawo.

Hari n'ibisasu byaturikiye mu mujyi wa Taji no mu majyaruguru y'umujyi wa Kirkuk urimo ibitoro byinshi.

Abanyamakuru baravuga ko ibyo biterwa n'uko leta yacitsemo amacakubiri y'amoko y'abaSunni, abaShia n'abaKurd.