Ebola imaze guhitana 13 muri Uganda

Umugera wa Ebola Uwufise ububasha kw’isanamu online
Image caption Umugera wa Ebola

Ikiza c'indwara ya Ebola yica cane kimaze guhitana abantu 13 muri Uganda, ifata abandi bashika ku ndwi.

Ubushikiranganji bujejwe amagara buvuga ko vyose bitegekanijwe kugira bahangane n'ico kiza, cibonekeje mu mpera z'ukwezi kwa Gatandatu ariko ubu akaba aribwo cemejwe ko ari Ebola.

Abanduye bamaze kuboneka muri district ya Kabaale, ku birometero nk'170 werekeza mu burengero bw'umurwa mukuru Kampala.

Abajejwe intwaro bavuga ko benshi mu banduye ari abo mu muryango umwe, banduye uwo mugera igihe bari bagiye ku maziko.

Ahandi hakekwa uwanduye, ni ku bitaro vya Mulago i Kampala, abaganga bakaba bariko barabitohoza, nk'uko bivugwa n'umunyamakuru wa BBC Catherine Byaruhanga ari ku murwa mukuru.

Indwara yica cane

Ebola ni imwe mu ndwara zica cane kw'isi, ikaba yandukira mu kwegerana cane n'umuntu ayigwaye, kandi yica hafi ya 90% y'abo bose bayanduye.

Iyo ndwara nta rukingo ifise, ibimenyetso vyayo bikaba bigizwe n'umucanwa uduga vuba cane, gucika intege, kuribwa n'umutwe, kudahwa canke kuruka hamwe n'ukunanigwa kw'amafyigo.

Umuntu wa mbere yahitanywe n'ico kiza muri Uganda ni umugore yari yibungenze.

Kuva iyo ndwara yamenyekana mu 1976 abantu barenga 1200 nibo bizwi ko imaze guhitana.