Yannick yiteze kwitwara neza muri Judo

U Rwanda ku karata y'akarere Uwufise ububasha kw’isanamu n
Image caption U Rwanda ku karata y'akarere

Umukinyi wa Judo w'Umunyarwanda Yannick Uwase avuga ko yizeye kuvyitwaramwo neza niyarwana n'umunye Brazil, Mendonsa ejo kuwa Mbere.

Yannick w'imyaka 18 ni ubwa mbere agiye mu mahiganwa ya Olympic, akaba yabariye BBC ko azokora ivyo ashoboye vyose.

Yagize ati: "Ndazi ko nzorwana n'umunye Brezil Mendonsa, nararavye ama video yiwe, ni umuntu akoresha ukuryo.

"Nzogerageza gukoresha ukubamfu kwanje, nkakuduza cane, nkaguma iburyo kugira ntanyubikire".

Uwo musore aserukira u Rwanda mu nkino za Olympic 2012 zibera i London mu Bwongereza, ahiganwa mu muce w'abafise ibiro 73.

Avuga ko azi yuko benshi mu Rwanda bamuzeyeko umudari, ariko wewe avuga ko aravye umugwi arimo bitazomworohera.

Ariko avuga ko azokora uko ashoboye kwose aheshe ishema igihugu ciwe.