Abakekwa kuba al qaeda 3 bafatiwe muri Espagne

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Aba polisi ba Espagne

Igipolisi ca Espagne kivuga ko cafashe abantu batatu, barimwo umwe aturuka muri Turkiya, n'aba chechen babiri, aho cemeza ko bari bafise ibikoresho vyobafasha guturitsa bus.

Babiri mur'abo bafashwe bari begereye urubibe rw'Ubufaransa, nayo uwa gatatu yafatiwe mu bumanuko bwa Espagne aho basanze ubumara bwinshi n' ibishobora guturika nka bombe.

Igipolisi ca Espagne giherutse kimaze iminsi gifata abantu benshi barerwa kuba intagondwa z'aba islam , ariko bubaye ubw ambere aho bafata ibishobora gukoreshwa biturika nka bombe.

Mu 2004, igisasu catezwe ku nzira y'igari ya moshi mu gitondo mu muji wa Madrid cahitanye abantu 190.