ONU yiyamirije M23

Abagwanyi ba M23 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abagwanyi ba M23

Itangazo ry'inama ya ONU ijejwe umutekano ryasohotse kuri uyu wa kane rivuga ko biyamirije bivuye inyuma umuhari M23 n'ibitero vyawo bakaba basaba uwo muhari guhagarika ibikorwa vyawo vyo guhungabanya n'ukutarondera gufata igisagara ca Goma.

Abagize Inama ya ONU ijejwe umutekano biyamiriza kandi bivuye inyuma abashikigiye M23 bose baba abo mu gihugu baba abo hanze bakaba basaba na cane cane ibihugu vyo hanze guhagarika imfashanyo iyo ariyo yose baha uwo muhari.

Itagazo nta gihugu na kimwe kidoma ko urutoke ariko mu minsi hari icegeranyo ca ONU cagirije Urwanda gushigikira M23 mbere ibihugu nka USA, Ubwongereza na Hollande vyafatiyeko mu guhagarika canke kubangira ku mfashanyo vyahora biha ivo gihugu.Urwanda rurahakana rwivuye inyuma ko rudafasha na gato M23.

Amashirahamwe ategamiye leta muri Congo kandi avuga ko hari n'abasirikare ba Uganda bari ku butake bwa Congo gushigikira M23, leta ya Uganda nayo nyene ikaba ibihakana.