Syria: Iyindi mirwano i Damas na Aleppo

Imirwano yasubiriye muri Syria Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Imirwano yasubiriye muri Syria

Bivugwa ko hadutse iyindi mirwano ku murwa mukuru wa Syria, Damas, hamwe no mu muji wo muburaruko wa Aleppo, aho abarwanyi bagerageza kugumya ibirindiro vyabo.

Ibice vyinshi vya Aleppo aho abarwanyi baherereye, vyatewe ibisasu n'abasirikare ba leta kandi imirwan ivugwa mu bice vyinshi vy'umuji.

Iyi mirwano yadutse nyuma yaho inama rusangi ya ONU itoreye icemezo ciyamiriza umugwi w'umutekano wa ONU kubera wananiwe gufata ingingo kuri Syria.

ONU kandi yiyamirije leta ya Syria kubera uburyo ikoresha muri ino mirwano.

Imirwano kandi iriko ibera mu gice co mu bumanuko bwa Damas, hakaba hatewe ibisasu hamwe n'ukurasana muri kartiye ya Tadamon, naho yari yahutswemwo n'abasirikare ba leta.

Amasase hamwe n'ibisasu biturika vyumvikaniye kandi mu bice bimwe vyo hagati mu murwa mukuru, abategura ibikorwa vyo kwiyamiriza leta bakavuga ko hari iyingi mirwano mu burengero bw'umuji, imbere no mu micungararo ya Dumar.