Intambara ibandanya gukara muri Syria

Abarwanya leta i Aleppo muri Syria Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abarwanya leta i Aleppo muri Syria

Imirwano ibandanya gukara muri Syria ata kibuza mu muji wa kabiri mukuru Aleppo, mugihe vyitezwe ko igisirikare kigaba igitero simuziga.

Amakuru ava mu gisirikare avuga ko abasirikare bashika ku bihumbi 20 bariko baregeranira hafi y'umuji, abarwanyi nabo bakavuga ko biteguire igitero gikomeye.

I Damas ku murwa mukuru, igisirikare kivuga ko cirukanye abarwanyi mu kibanza canyuma bari bakomeyemwo, ariko abarwanyi bobo bavuga ko bakinjuye.

Kuwa Gatandatu, abanye Irani 48 bari mu rugendo rweranda baranyurujwe n'abantu bitwaje ibirwanisho hafi y'ikibanza ceranda c'aba Islam b'aba Shia.

Abaserukiye Irani muri Syria hamwe na television ya leta ya Syria bavuga ko iryo nyuruza ryagizwe n'imigwi yitwaje ibirwanisho.

Ubu Irani yasavye Turkiya, isanzwe ifitaniye imigenderanire myiza n'abarwanya leta ya Syria, gusaba ngo abo banye Irani banyurujwe barekurwe.