NIgeria: Abantu 19 biciwe mu rusengero

NIgeria Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abantu bariko abraririra ababo bahitanywe n' igitero co kuri Noel umwaka uheze kw'isengero

Abantu bitwaje inkoho barashe abantu bari mu rusengero hagati muri NIgeria mu gace ka Kogi mu gihe c'imisa, bahitanamwo abatari munsi ya 19.

Umupasitori wo mur'urwo rusengero rwa Evangelical Church ari mu bahitanywe n'ico gitero.

Police ivuga ko abantu batatu badutse ngaho mu rusengero mu gihe c'imisa batangura kurasa mu bantu.

Nta murwi n'umwe urigera wemanga ico gitero, ariko umutwe wa Boko Haram waragavye ibitero bitari bike mu minsi yahera, vyah8itanye abantu batari munsi y'ijana.