Prezida wa Misiri ahagurikiye Sinai

Mohammed Morsi Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umukuru wa Misiri Mohamed Morsi avuga ko ategerezwa gusubiza Sinai ku murongo

Prezida wa Misiri Mohammed Morsi yakuye uwahora ajejwe iperereza muri ico gihugu hamwe n'umukuru w'intara ya Sinai ya ruguru mu ntumbero yo gusubira kugenzura intara ya Sinai.

Ivyo binbaye inyuma y'iminsi yari iheze hari intagondwa ziteye zikica abasirikare 16 bacungera urubibe.

Prezida Morsi yakuye kandi umukuru w'abasirikare bacungera umukuru w'igihugu n'abandi bakuru benshi mu bajejwe umutekano. Presida Morsi yamenyesheje ko agiye gusubira kugenzura akarere ka Sinai.

Hagati aho igisisirikare ca Misiri kuvuga ko kibandanya igitero cazindutse kigira mu ntara ya Sinai y'uburaruko ku ntagodwa z'aba Islam bikekwa kuba bishe abo abasirikare 16 .

Mw'ijoro ryo kuri uyu wa kabiri ingabo za Misiri zakoze ibitero vy'indege muri ako karere , ivya mbere mu myaka myinshi, zikaba zivuga ko zishishe intagondwa 20. Inkuru ya Yollande Knell ari el Arish muri Sinani ya ruguru muyishikirizwa na Laurent Martin Harimenshi.