Kampala yashitse kuki kuri Congo?

abahunga intambara muri Kivu Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abakuru b'ibihugu bumvikanye gushiraho ikigega co gufasha abahuye n'akaga muri RDC

Abakuru b'ibihugu 11 bigize inama mpuzamakungu ku biyaga binini bumvikanye gushinga akanama ko kwiga ivyiyumviro vyoshirwa mu ngiro kugirango intambara ihagarare muri RDC, hakomezwe amahoro hamwe n'umutekano muri ico gihugu.

Ako kanama kagizwe n'abashikiranganji bo kwivuna abansi b'ibihugu vya Angola ,Burundi, Congo Brazzaville, RDC,Rwanda, Uganda na Tanzania.

Abo bakuru b'ibihugu bari bamaze iminsi ibiri bari mu nama i Kampala muri Uganda ku kibazo c'umutekano mu buseruko bwa Republika iharanira Demokrasi ya Congo.

Abakuru b'ibihugu bitavye iyo nama ni Yoweri Museveni wa Uganda, Pierre Nkurunziza w'Uburundi, Francois Bozize wa Centrafrique, Joseph Kabila Kabange wa RDC, Mwai Kibaki wa Kenya, Paul Kagame w'Urwanda na , Jakaya Kikwete wa Tanzania.

Ako kanama k'abashikirangtanji kazoshikiriza icegeranyo c'ivyo bashitseko mu ndwi zibiri bagiye umunyamabanga nshingwabikorwa w'inama mpuzamakungu ku bihugu vy'ibiyaga binini, nawe agishikirize abakuru b'ibihugu mu ndwi zine.

Abakuru b'ibihugu bumvikanye gushinga ikigega co gufasha abantu bahuye n'akaga mu buseruko bwa Congo, bakaba bashimira Uganda yamaze kwemera gushiramwo miliyoni imwe y'ama dollars.