Rudisha yirutse umwanya wambere mwiza ku 800m

David Lekuta Rudisha Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption David Lekuta Rudisha

David Lekuta Rudisha yabayebuwa mbere mu banonotsi bari mu nkino za Olympics za London uyu mwaka 2012, aronse umwanya wa mbere kw'isi.

Uwo munyakenya w'imyaka 23 yatahukanye uduri w' izahabu mu kwiruka ubwa mbere muri kahise k' isi, n'ak' izi nkino za Olympics, metero 800 mu gihe kidakwiye 1:41.

Umwanya wa kabiri watwawe na NIjel Amos wo muri Botswana, yirutse mu 1:41.73

Uwa gatatu yabaye umunyakenya nyene, Timothy Kitum yirutse 1:43.77