Misiri: Prezida yakuwe Marechal Tantawi

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Ntawari yiteze ko Marechal Tantawi yokurwa

Mu Misiri gushika ubu igisirikare ntaco kiravuga ku ngingo itari yitezwe yafashwe na presida mnushasha Mohammed Morsi yo gusubiriza uwahora arongoye ingabo z'ico gihugu.

Ibinyamakuru vya leta vyavuze ko hari inkuru vyakuye mu gisirikare ivuga ko muri urwo rwego ata bakiriye nabi ingingo y'ikurwa rwa Marshal Mohammed Hussen Tantawi.

Prezida Morsi wo mu mugambwe w'aba Frereres Musulmans yavuze ko iyo ngingo yayifashe ku neza y'igihugu , ikaba yamuhaye ububasha bwose nk'umukuru w'igihugu.Abo mu mugambwe wiwe bavuze ko bayishigikiye ijana kw'ijana.