London 2012 yarangiye ku birori vy'agakura

Ibirori vyo  gusozera Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ibirori vyo gusozera vyari agakura

Inkino za Olympique zari zimaze indwi zibiri ziriko zirabera hano London zaraye zirangiye ku birori vy'agakura vy'umuziki n'ugushikiriza itunganywa ry'izimirije igisagara ca Rio de Janeiro.

Ivyo birori vy'amasaha atatu vyari vyitabwe na bamwe mu baririmvyi rurangiranwa b'Ubwomgereza nka Spice Girls, George Micheal na Elbow.

Umukuru w'abateguye inkino Lord Coe yavuze ati:''Umwanya wacu ugeze-Ubwongereza,twabikoze neza''.

Ibendera ry'inkino ryaciye rishikirizwa icese umukurun w'igisagara ca Rio de Janeiro imbere y'uko urubeya ruzimywa.

Nk'uko bisanzwe mu mugenzo, imidari ya nyuma y'inkino za olympique 2012 yaratanzwe mu birori vyo gusozera.

Yabaye iy'abagabo biruka marathon(42km) yatsindiwe n'umnye Uganda Stephen Kiprotich.

Abantu ibihumbi 70 bafashije mu nkino ku buntu barashimiwe cane ku gikorwa cabo muri iyo minsi 16.

Prezida wa USA Barack Obama yaratelefonye ministre wa mbere w'Ubwongereza kugira amukeze ku nkino zagenze neza.

Ubwongereza muri rusangi bwatwaye imidari 65 mu nkino 16 zitandukanye.

USA niyo yaje kw'isonga ku midari 46 y'inzahabu, bukaba aribwo bwa mbere batwaye imidari myinshi nk'iyo mu nkino zibereye mu mahanga.

Habonetse imyanya ya mbere kw'isi 44 n'imyanya ya mbere muri olympique 117. Umunyamerika Micheal Phelps yabaye uwambere mu kwambikwa imidali ya olympique kuko yongereje igitigiri yari afise ashika kuri 22.

Mu mpera z'uku kwezi naho hmirije kuzoca hatangura inkino za Paralympics z'abagendana ubumuga.