Syria:indege ya gisirikare yakorotse

indege iriko irasha Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Video yashizwe kuri internet n'abagwanya leta ya Syria yerekana indege iriko iraka humvikana n'amasasu

Indege y'intambara yakorotse mu buseruko bwa Syria kubera''ingorane z;ubuhinga'' nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru vya leta.

Ingabo za Free Syrian Army zigwanya leta zivuga ko zarashe indege ya gisirikare muri ako karere nyene.

Abahinga baravaye amasanamu y'iyo ndege abagwanya leta ya Syria bavuga ko barashe, bemeza ko ibimenyetso vyayo bihuye n'indege y'intambara y'igisirikare ca Syria.

Umupilote yamijutse ub u akaba ariko araronderwa aho yoba ari , nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru vya leta.

Igisirikare kigwanya leta ya Syria kivuga ko cafashe umwe muri 2 bagendesha iyo ndege ariko ntikirantanga icovyemeza.

Iyo ndege yarasiwe hafi y'igisagara ca al-Muhassan, hafi ibirometero 120 y'urubibe rwa Iraq, nk'uko bivugwa n'inyeshamba.