Fabrice Muamba yahagaritse kongera gukina

Ibiherutse kuvugururwa: 15 ukwa munani, 2012 - 15:42 GMT
Fabrice Muamba

Fabrice Maumba

Umukinyi wa Bolton Wanderers Fabrice Muamba yamenyesheje ko atazokongera gukina kubera imanuro yahawe n'abaganga bamukukrikirana.

Uyu mukinyi wo hagati wa Bolton, yari yagize ikibazo c'umutima ari mu kibuga mu rukino rwa FA rwabahuza na Tottenham mu kwezi kwa gatatu.

Fabrice Muamba yatangaje ko yagiye mu BUbiligi mu ndwi iheze, aho yabonanye n'umuganga kabuhariwe mu kuvura indwara z'umutima.

Ni naho yakuye impanuro zo kudasubira kubandanya umwuga wiwe wo gukina umupira w'amagaru.

Avuga ko kuva mu mezi atandatu arangiye igihe yarwa mu kibuga akamara iminuta 78 asa n'uwapfuye, aho avuriye mu bitaro yagumanye icizere co kuzosubira gukina.

Igihe yamenysha iyo nkuru ko agiye kuruhuka, yashimye cane umurwi wiwe wa Bolton n'abaganga bamufashije.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.