Koffi Olomide yagirijwe kugwana

Ibiherutse kuvugururwa: 16 ukwa munani, 2012 - 12:48 GMT
Koffi Olomide

Ashobora gupfungwa amezi atandatu hamwe yokwagirwa n'icaha

Koffi Olomide umwe mu baririmvyi b'abanyecongo rurangiranwa yaraye mu minwe y'igipolisi nyuma yo kwagirizwa gukubita uwutunganya indirimbo ziwe.

Uwo muririmvyi wa rumba w'imyaka 56 yafatiwe ahejeje kugwana mw'i hoteli kuri uyu wa gatatu i Kinshasa, umurwa mukuru wa Republika Iharanira democrasi ya Congo.

Abanyamakuru nbavuga ko sentare yari yuzuye abantu bashaka kuraba ico camamare c'umuziki mu mugwi wiwe witwa Quartier Latin. Aburanirwa n'abashingwamanza barenga 10.

Ico bapfuye n'uwutunganya indirimbo ziwe Diego Lubaki n'ideni ry'amafaranga angana na Euros 3000 (ama dollars 3.680), nk'uko sentare yabwiwe.

Abacamanza babwiye itororokaniriwo ry'amakuru AFP ko ashobora gupfungwa amezi 6 hamwe yokwagirwa n'icaha.

Urubanza rwari rutegekanijwe kubandanya kuri uyu wa kane.

Umuziki aririmba witwa ''soukous '' bivuye mw'ijambo ry'igifaransa secouer rivuga kunyiganyiza. Koffi Olomide yavukiye i Kinshasa mu 1956, yaronse amahirwe yo kuja kwiga ibiharuro mu Bufaransa.

Atashe muri Congo yahora yitwa Zaire aca aja mu mugwi w'umuziki wa Papa Wemba mu ntango nk'umwanditsi w'indirimbo.

Mu nyuma ahinga umugwi wiwe mu myaka ya 1980 n'umudiho wa soukous aca atangura kuba rurangiranwa.

Ariko ivyo akora ntivyagumye vyakirwa neza gusa, zimwe mu ndirimbo ziwe ziserura vyeruye icifuzo c'imibonano mpuzabitsina zikaba zarabujijwe mu bihugu bimwe bimwe.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.