Burundi: Kwiyima agacupa mu kwiyamiriza ibiciro

Ibiherutse kuvugururwa: 20 ukwa munani, 2012 - 17:57 GMT
Ibiyeri

Ibiyeri

Mu Burundi amashirahamwe "agwanya ubuzima buzimvye" ahamagarira abanyagihugu kutihereza ibinyobwa vya Brarudi uyu munsi n’ejo kugira ngo berekane akababaro.

Ihinguriro ry’ibinyobwa Brarudi riheruka kuduza ibiciro kubera amakori ririha muri reta yadugijwe.

Ayo mashirahmwe avuga ko ivyo biciro vyatumye ibindi biciro biduga ku masoko, bituma ingingo umukuru w’igihugu yari yafashe mu kwezi kwa gatanu yo kugabanya amakori ku bifungurwa biva hanze ataco imara.

Urunani rw’amashirahamwe arenga amajana ane yagiye hamwe ngo "arwanye ubuzima buzimvye", yafatiye kwiduzwa ry’ibiciro vya Brarudi vyadugijwe ku rugero avuga ko rurenze urugero, bikaba vyanatumwe ibindi bidandazwa biduga kuko ivyo binyobwa bifatwa nk’urugezo.

Abanyagihugu bavuganye na BBC, bamwe bavuga ko iyo ngingo bayishigikiye kuko ubuzima busigaye buzimvye cane, ariko hakaba n’abandi batumva igituma batokwimara inyota mu gihe boba bafise amahera.

Mu kwezi guheze, ihinguriro Brarudi ryaradugije ibiciro vy’ibinyobwa rihingura kubera ishigwa mu ngiro ry’itegeko risubiramwo amafaranga reta izokoresha muri uyu mwaka, ryongereje amatagisi atozwa ku binyobwa.

Amashirahamwe "agwanya ubuzima buzimvye" akavuga ko ayo matagisi angana n’imiliaridi 11, urugezo rwayo reta yari yahevye ku bigugwa mu kwezi kwa gatanu.

Naho bivugwa ko hari abarundi basa nuko bakunda kunywa, bamwe bakavuga mbere ko badashobora kurara batanyoye, amashirahamwe avuga ko asaba akigoro kuri umwe umwe wese, abafise amahera bakiyumvira abatayafise.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.