Angola: amatora ya kabiri kuva intambara iheze

Ibiherutse kuvugururwa: 31 ukwa munani, 2012 - 13:32 GMT
ikarata y'abitoza

Prezida Dos Santos yitoza ku giti ca MPLA amaze imyaka 33 ku butegetsi

Abanye Angola bari mu mataora kuyi uyu wa gatanu, amatora agira kabiri ico gihugu kiri mu mahoro inyuma y'aho harangiriye intambara ndende mu 2002.

Imigambwe 9 niyo iriko irahiganirwa intebe 220 z'inama nshingamateka. Umugambwe MPLA uri ku butegetsi watsinze amatora yo mu 2008 ku majwi 82 kw'ijana niwo ushobora gusubira gutahukana intsinzi ariko atari kuri urwo rugero.

Ayo matora n'aho ariko araba umugambwe UNITA wa mbere ukomeye cane mu yitavuga rumwe n'uwuri ku butegetsi uvuga ko ata bikenewe vyari bihari kugira habe amatora yisanzuye.

Umukuru wa Unita avuga ko yagumye asaba kubonana n'umukuru w'igihugu Jose Edwardo dos Santos kugira bavugane ingorane ziose ziujanye n'amatora ariko umugwi uyajejwe wagumye wemeza ko ata ngorane zihari.

Hari n'umugwi uharanira agateka ka zina muntu wasavye ko ayo matora yosiba.

Angola yavuye mu ntanbara mu 2002 gusa ariko kubera ibitoro Angola ubu nico gihugu ca gatatu gitunze cane muri Africa inyuma ya Africa y'epfo na Nigeria.

Ariko nubwo hari amafaranga menshi ava mu bitoro vy'ico gihugu kivuga ururimi rwa Portugal, igice c'abakibamwo baracaharugwa mu bakene kw'isi aho batagira amazi meza ntibagire amatara.


Prezida wa Angola Edwardo Dos Santos amaze imyaka 33 ku butegetsi-niwe wa kabiri muri Africa amaze imyaka myinshi ku butetegetsi inyuma ya Theodoro Iobiang Ngema wa Guinee Equatoriale-yasavye abanyagihugu kumwongera iyindi myaka itatu kugira abatuganirize neza kuruta.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.