Bishwe n'abapolisi,vyagirizwa bagenzi babo?

Ibiherutse kuvugururwa: 31 ukwa munani, 2012 - 15:36 GMT
Marikana

Abimvyi bari muri yegereyegere yo kwongeza umushahara

Ministre wa Africa y'epfo ajejwe ubutungane yasavye guhabwa insiguro y'igituma abantu amajana abiri na 70 bimba ubutare baraye bagirijwe kugandagura benewabo barashwe n'abapolisi i Marikana.

Minitre Jeff Radebe yavuze ko iyo ngingo yongereje umubabaro, ubwoba n'ukujuragirika mu ba nye africa y'epfo.

Umushikriizamanza w'igihugu yabagirije akurikije itegeko ririmwo impari ryo mu gihe c'intwaro y'abazungu yakumira abirabura.

Iyo ngingo yarashavuje cane abantu kandi yiyamirizwa n'abahunga mu mategeko.

Mw'itangazo yashikirije uno munsi, ministre ajejwe ubutungane yavuze ko akurikije ibwirizwa nshingiro ategerezwa kubazwa ubwa nyuma ibijanye n'ugushikiriza imanza.

Minsitre Jeff Radebe yanavuze ko yasavye umukuru w'urwego rw'ubsuhikirizamanza kumuha insiguro y'icatumye afata ingingo nk'iyo.

Abapolisi bararashe bica abimvyi b'ubutare 34 haraheze indwi zibiri ku kinogo c'ubutare bwa platine ca Lonmin ahitwa Marikana . Bavuze ko buguruye umuriro kubera ubwoba batewe n'abo bimvyi baguma baja iyo bari kandi bafise ibigwanisho birimwo imipanga.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.