Somalia:Kenya yarashe ibisasu Kismayo

Ibiherutse kuvugururwa: 4 ukwa cyenda, 2012 - 17:51 GMT
al Shabab

Ikivuko ca Kismayo kirakomeye cane kuri al Shabab

Igisirikare co mu mazi ca kenya cemeye kuba carashe ibisasu ku wa mbere ku gisagara ca Kismayo kiri mu bumanuko bwa Somalia.

Umuvugizi w'ingabo za Kenya Colonel Cyrus Oguna yabwiye BBC ko ico gitero kiti mu ntumbero y'ingabo za Africa yo gufata ikivuko ca Kismayo gisanzwe arico cari gikomeye c'umugwi al Shabab.

Hagati aho hari izindi nkuru y'uko al Shabab iriko iregeranya ingabo zayo kugira ntiyamburwe Kismayo.

Ababa Kismayo bavuga ko ibibombe vyaturika biva mu bwato buri mw'ibahari.

Ico kivuko nico gicako ibigwanisho vya Al Shabab bivuye hanze.

Kandi niho uwo muhari ukura amafaranga mu gutoza amakori abadandaza.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.