Umuganwa Harry ku rugamba muri Afganistan

Ibiherutse kuvugururwa: 7 ukwa cyenda, 2012 - 17:29 GMT
Apache

Umuganwa Hary atwara kajugujugu Apache

Umuganwa Harry, umwuzukuru w'Umwamikazi Elizabeth wa Kabiri w'Ubwongereza yarungitswe ku ruganmba muri Afganistan aho agiye kumara amezi ane.

Vyamenyeshejwe n'ubushikiiranganji bwo kwivuna abansi.

Uwo mugamwa atwara kajugujugu zo mu bwoko bwa Apache yashitse ku wa kane mw'ijoro mw'ikambi nkuru ya gisirikare y'Ubwongereza yitwa Bastion Camp iri ahitwa Hemland.

Uwo muhungu w'imyaka 27 aza ubugira gatatu ku rutonde rwa ba samuragwa b'ingoma, azoja mu bikorwa vyo kurwana n'aba Taliban. Bugize ubwa kabiri arungikwa muri Agfganistan . M 2007-2008 yari yamazeyo amayinga 10 imbere y'uko atahukanwa ibinyamakuru bimaze kumenyesha ko irungikwa ryiwe mu mpisho.

Ukurungikwa kwa Harry muri Afganistan bishobora kuba bije mu gihe ciza kugira hibagirwe ivyamushikiye las Vegas aho berekanye amafoto yiqwe ari gusa, ariko mu bushikiranganjio bwo kwivuna abansi bamenyesha ko vyari bisanzwe biri kuri gahunda kuva kera.

Indege za apache ni zimwe zifise ubuhinga bugezwe ho cane muri kajugujugu z'intanmbara, aba Taliban bavuga ko hari Apache bamaze gukorora ariko Ubwonmgereza bwemeza ko ata Apache n'inwe burigera butakaza na hamwe muri 67 bufise n'ubwo hari amasanganya abiri adahambaye cane amaze kuba.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.