Libya:Embassador wa Amerika yiciwe Benghazi

Ibiherutse kuvugururwa: 12 ukwa cyenda, 2012 - 11:59 GMT
John Christopher Stevens

John Christopher Stevens

Abaserukira ubutegetsi bwa Libya bavuga ko Ambassador John Christopher Stevens yishwe kumwe n'abandi bantu batatu, ku nyubakwa yakoreramwo ku muji wa Benghazi.

Inyubakwa y'uwuserukira Leta Zunze ubumwe za Amerika yaraturiwe n'abayiteye bafise ibisasu birasishwa inkoho n'ibindi ntezwantoke.

Ubutegetsi bwa Leta zunze Ubumwe za Amerika bumaze kwemeza ko John Christopher Stevens ari mu bantu bane baguye mur'ico gitero ca Benghazi.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.