Morsi asaba ko imyiyerekano ihagarara

Ibiherutse kuvugururwa: 14 ukwa cyenda, 2012 - 13:13 GMT
Imyiyerekano kubera i video utuka Mohammad

Imyiyerekano kubera i video utuka Mohammad

Umukuru w'igihugu ca Misiri, Mohammed Morsi, asaba ko imyiyerekano irimwo ubugizi bwa nabi kubera i video ituka umuhanuzi Mohammad, ihagarara.

Imyiyerekano kubera iyo video yabandanije no mu bindi bihugu bimwe bimwe.

Isinzi ry'abantu bari mu myiyerekano muri Sudani bateye ibiro biserukiye Ubudage n'ibiserukiye Ubwogereza i Khartoum.

Ibiro biserukiye Ubudage babimenye amadirisha baca barabiturira, ibendera ry'ubudage barisimbuza igitambara kiranga Islam.

Habaye kandi imyiyerekano y'abantu bashavuye cane muri Yemen, Libya, Gaza, Afghanistan, Irake, Malaysia na Indonesia.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.