OTAN irarondera kugabanya ibitero ku ngabo zayo muri Afganistan

Ibiherutse kuvugururwa: 18 ukwa cyenda, 2012 - 19:11 GMT
OTAN

Ibitero vyari vyabaye vyinshi ku ngabo za OTAN

Umunyamabanga mukuru wa OTAN Anders Fogh Rasmussen yashigikiye icemezo iryo shirahamwe ryafashe co kugabanya ibikorwa ingabo zaryo zakorera hamwe n'abasirikare ba Afghanistan, kubera ukwiyongera kw'ibitero ku basirikare ba OTAN bigirwa na bagenzi babo ba Afghanistan.

Avuze ko izo ngingo arizo kuraba iyo ibintui bitera bija kandi zizomara ikiringo gito.

Hakurikijwe izo ngingo nshasha ingabo za OTAN na Afganistan zikorana ibikorwa binini cane nayo bito bito bizokwemezwa n'abagetsi b'ingabo bo hejuru kimwe kimwe ukwaco.

Iyo ngingo yabonywe nk'inyishu ku bitero vyaguma vyiyongera ku ngabo mpuzamakungu na bagenzi babo b'abanyeafhganistan.

Abategetsi bo kwivuna abansi mu Bwongereza no muri Afganistan bavuga ko ata kinini kizohinduka mu buryo ibikorwa vya gisirikare bisanzwe birangurwa.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.