France:amafoto ya Kate atambaye mu gikiriza ntasubire kwerekanwa

Ibiherutse kuvugururwa: 18 ukwa cyenda, 2012 - 13:48 GMT
William na Kate

William na Kate bari mu rugendo muri Pacifique

Sentare mu Bufaransa yasohoye ingingo yerekeye igihugu cose ibuza ko hagira ikinyamakuru gisubira gusohora, gukwiragiza no guhanahana amafoto yerekana Duchesse wa Cambridge ariko yota izuba ataco yambaye mu gikiriza.

Abacamanza b'i Nanterre hafi ya Paris bategetse kompanyi y'Abatalinano isohora ibinyamakuru Mandori gutanga amafoto yafashwe ubwa mbere mu masaha 24.

Bavuze ko uwo wese azorenga kuri iyo ngingo azotanga ihadabu ringana n'ama euro ibihumbi 10.

Abashikirizamanza b'Ubufaransa baracaraba niba ikinyamakuru ca Mandori Closer gishobora gukurikiranwa n'amategeko mpanavyaha kubera arico catanguye gushira ahabona ayo mafoto, canke ko hokukirikiranwa uwafotoye umuganwa William n'umugore wiwe Kate igihe bari mu karuhuko mu Bufaransa.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.