Ubuhindi muri yegereyegere

Ibiherutse kuvugururwa: 20 ukwa cyenda, 2012 - 14:48 GMT
India

Bamwe bazindutse bugaye amayira y'itereni

Mu Buhindi abatavuga rumwe na leta hamwe n'ama sendika y'abakozi biriwe muri yegereyegere wo kwiyamiriza imigambi ya leta yo kwururira abanyamahanga gushira imitahe mu gisata c'imangazini nini nini (supermarkets/supermarches).

Abakozi bugaye inzira z'amatereni mu ntara za Uttar Pradesh na Bihar navyo ibisagara vya Culacutta na bangalore bikaba bisa nk'ivyiriwe vyugaye ariko ahandi abantu ntibavyitavye co kimwe.

Izo ngingo zirahambaye kugira Ubuhindi bunagure ubutunzi bwabwo butanguye kwikwega nk'uko vyemeza n'abashikiranganji.

Ariko imangazini ntonto zitinya ko zizoca zugara , abanyagihugu benshi nabo bakaba bashavujwe n'ibiciro vy'ibitoro biherutse kuduga.

Ku ndwi iheze hari umugambwe ujomeye wavuye muri leta kugira wiyamirize izo ngorane ariko gushika ubu iyo leta y'imigambwe myinshi nta ngorane ifise z'intebe zikwiye mu nama nshingamateka.

MU mwaka uheze leta irongowe n'umugabwe wa Congress wari wagerageje kuzana izo ngingo nshasha ariko mu nyuma uza kwisbirako kubera gutunya kutaronka abazishigikira.

Kompanyi z'amamangazini zikorera mu bihugu vyinshi n'ubu zari zirekuriwe gukorera mu buhindi ariko zigurisha ku bafise imangazini ntonto.

Ariko uwo mugambi uzotuma bagurisha ku Bahindi atawe biriwe barabanza gucako.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.