Marikana basubiye gukora

Ibiherutse kuvugururwa: 20 ukwa cyenda, 2012 - 14:05 GMT
Marikana

Abimvyi b'ubutare batonze ku kazi i Marikana

Abimvyi b'ubutare bwa platine i Marikana muri Africa y'epfo basubiye ku kazi inyuma ya yegereyegere yaranzwe n'imigumuko yahitanye abantu 46.

Abo bakozi bashitse ku mwuvikano n'ikompanyi ibakoresha Lonmin ku wa kabiri uzotuma imishahara yabo yongerezwa 22 kw'ijana. Lonmin yizigiye kuzibira igihombo yagize muri iryo hagarikwa ry'akazi ryamaze ukwezi n'igice.

Amatohoza aracabandanya kw'iyicwa ry'abimvyi 34 barashwe n'igipolisi.

Iyo yegereyegere yahavuye ikwira ahandi himbwa ubutare muri Africa y'epfo, igihugu kiri mu vya mbere kw'isi mu vyimbura amabuye hamwe n'ubutare bw'agaciro.

Ku ndwi iheze leta yari yamenyesheje ko mitozobandanya yihanganira yegereyegere zitemewe n'amategeko aho wasanga abimvyi bitwaza imipanga n'ubuhiri baja baraca ahibwa ubutare batera ubwoba kugira yegereyegere yubahirizwe.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.