Sadi Bugingo ahakana ivyaha aregwa

Ibiherutse kuvugururwa: 25 ukwa cyenda, 2012 - 13:17 GMT
Ibisigarira vy'abazize jenoside mu Rwanda

Ibisigarira vy'abazize jenoside mu Rwanda

Umunyarwanda yagirizwa kugira uruhara muri jenoside yo mu Rwanda mu 1994, yahakanye ivyaha aregwa muri sentare yo muri Norvege.

Sadi Bugingo amaze imyaka cumi muri Norvege, akaba yagirizwa n'abashinjacaha muri ico gihugu kuba yaragiye mu manama yateguriwemwo bumwe mu bwicanyi bwakorewe Abatutsi.

Urwo rubanza, rwa mbere nk'urwo mu mateka ya Norvege, vyitezwe ku rumara amezi menshi.

Sadi Bugingo niyahamwe n'icaha, vyitezwe ko akatirwa igifungo ca mbere kire kire kibaho muri Norvege, kikaba ari imyaka 21.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.