Chinua Achebe asohoye igitabo kuri Biafra

Ibiherutse kuvugururwa: 27 ukwa cyenda, 2012 - 16:37 GMT
Chinua Achebe

Chinua Achebe nta vynshi yari bwavuge ku ntambara ya Biafra

Umwanditsi rurangiranwa w'umunye Nigeria, Chinwa Achebe, yasohoye igitabo cari kirindiriwe cane, There Was a Country(Harabaye Igihugu), ku ntambara ya Biafra.

Yakoze nk'uwuserukira Biafra mu makungu ku bijanye n'akaranga igihe ako karere ko mu bumanuko bushira ubuseruko kagerageza kwiyonkora kuri Nigeria mu 1967.

Mu kiringo c'imyaka irenga 40 yagumye anumye ku vyo azi kuri iyo ntambara.

Umwe mu banditsi bazwi cane b'abanyafirka, igitabo ca mbere ca Chinwa Achebe casohotse mu 1958 Things Fall Apart cagurishijwe ama kopi arenga milioni 10.

Cahinduwe mu ndimi zirenga 50 kikaba cerekeye ahanini imico n'imigenzo y'aba Igbo hamwe n'ukugona kw'akaranga ka kera n'akabanya Bulaya.

Uwo mwanditsi ameze gutsindira ubushimwe bwinshi ubu afise imyaka 81 amaze kwandika ibitabo birenga 20, bimnwe binegura cane abanyepolitike hamwe n'uburongozi bubi muri Nigeria.

Chinwa Achebe aba muri Amerika kuva agize isanganya mu 1990 ryatuimye ubu asighaye agendera mw'ikinga ry'ibimuga.

Ariko ntaco yari bwavuge ko ntambara ya Biafra yamukozeko, we n'umuryango wiwe ukiri muto, kiretse rimwe na rimwe mu mazina yiwe.

Abantu barenga milioni barapfuye muri iyo ntambara no mu nzara yateye , amafoto y'abana bishwe n'inzara muri Biafra akabna yahavuye acika mu binyanakuru icitiranwa c'iyo ntambara.

Ico gitabo ciwe casohotse kuri uyu wa kane mu Bwongereza kikaba citezwe no gusohoka vuba muri Nigeria no muri Amerika ku wa 11 ukwezi kw'icumi, nk'uko bivugwa n'itororokanirizo ry'amakuru AFP.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.