Umwumvikano hagati ya Sudan zompi

Ibiherutse kuvugururwa: 27 ukwa cyenda, 2012 - 15:27 GMT
Sudan

Mu vyo Sudan na Sudan y'Epfo bipfa harimwo intara ya Abyei

Ibihugu vya Sudan na Sudan y'Epfo vyashitse ku mwumvikano ku mutekano w'urubibe bisangiye hamwe no kw'iyimburwa vy'ibitoro , umwumvikano uzotuma ibitoro bisubira gushorwa biva muri Sudan y'Epfo bica muri Sudan.nk'uko vyamenyeshejwe n'umuvugizi w'izo mpande zompi.

Haracari ibindi bibazo vyo kwumvikanako birimwo intara umwe umwe yita rwiwe.

Abategetsi b'ivyo bihugu bashize umukono kuri uwo mwumvikano inyuma y'iminsi ine bari bamaze bari mu biganiro ku murwa mukuru wa Ethiopia , Addis Abeba.Bumvikanye gushinga akarere katagiramwpo ingabo ku mpande zompi z'urubibe bahana kazotuma ibitoro bisubira gushoka.

Ivyo bihugu vyarahatswe gutana mu mitwe mu kwezi kwa kane.

Abaraba ibintu n'ibindi bavuga ko intambwe vyashitseko uno munsi ikomeye cane.

Ariko ngo gushira umukono ku masezerano ni kimwe, kuyashira mu ngoro ni ikindi.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.