Amisom iriko irwanira i Kismayo na Al Shabaab

Ibiherutse kuvugururwa: 28 ukwa cyenda, 2012 - 12:44 GMT
Abasirikare ba Kenya i Kismayo

Abasirikare ba Kenya i Kismayo

Abasirikare ba Kenya bari mu mugwi uhagarariye amahoro muri Somalia, AMISOM, bafatanije n'abasirikare ba Somalia bariko barwanya Al Shabaab i Kismayo.

Kenya ivuga ko igitero kigabiye hamwe caje kizanana mu mazi no ku butaka mu masaha ya kare mu gitondo c'uno munsi.

Abahatuye babariye BBC ko amato ane yashikanye abasirikare ba Kenya, ngo ariko baracari mu micungararo y'umuji.

Al-Shabaab ivuga ko yahanganye nabo, bakaba bagomvye kuguma aho bashikiye.

Umuji wa Kismayo

Umuji wa Kismayo

Abanyagihugu baba hafi y'aho vyabereye bavuga ko babonye abanye Buraya mu basirikare ba Kenya.

Leta zunze ubumwe za Amerika n'Ubwongereza vyahakanye bivuga ko ata ruhara bifise muri ico gitero.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.