Abitwaje inkoho bishe abarenga 20 i Mubi muri Nigeria

Ibiherutse kuvugururwa: 2 ukwa cumi, 2012 - 13:28 GMT
Umuji wa Mubi ku karata ya Nigeria

Umuji wa Mubi ku karata ya Nigeria

Abantu barenga 20 biciwe mu gitero c'abitwaje inkoho mu muji wa Mubi, mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeria.

Abahatuye bavuga ko ibiziga vy'abapfuye vyari birambitse ku mirongo imbere y'amazu, nyuma y'amasaha atari make barasa mw'ijoro, benshi muri abo bishwe bakaba bari abanyeshure.

Igisirikare camaze kurungikwa muri ako karere kaguyemwo iryo bara.

Mu ndwi iheze abajejwe umutekano ba Nigeria bafashwe ibirwanisho vyinshi hamwe n'amasase mu muji wa Mubi.

Banafunze abantu barenga 150 mu gikorwa co guhiga abakekwa gukorana n'umugwi wa ki Islam Boko Haram.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.