Nigeria: Abanyeshure bane bishwe n'abanyagihugu

Ibiherutse kuvugururwa: 8 ukwa cumi, 2012 - 13:29 GMT
Umuji wa Port Harcourt ku karata ya Nigeria

Umuji wa Port Harcourt ku karata ya Nigeria

Igipolisi muri Nigeria cafashe abantu 12 nyuma y'aho abanyeshure bane bo kuri kaminuza ya Port Harcourt biciwe n'abanyagihugu bashavuye.

Abo banyeshure bacishijwe mu mabaraba bambaye ubusa imbere yo gukubitwa no guturirwa.

Amashusho y'ubwo bwicanyi yashizwe kuri internet kuwa Gatanu, ababaza abantu benshi cane muri Nigeria.

Abo banyeshure bagirijwe kwiba telefone hamwe na za ordinateur bigendanwa.

Umunyeshure umwe yigana n'abo bishwe yavuze ko bazize kwitiranywa n'abasuma.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.