Kenya:Prezida yanse gutekerera abashingamateka

Ibiherutse kuvugururwa: 10 ukwa cumi, 2012 - 13:58 GMT
Kenya demos

Abanye Kenya bitavye inyiyerekano kuri uyu wa kabiri babaza ahazova ayo mafaranga

Umukuru wa Kenya Mwai Kibaki yanse ko abashingamateka batekererwa amafaranga arenga $100.000 ubwo bagiye kurangiza ikiringo cabo mu gihe amatora ategekanijwe mu kwa gatatu 2013.

Kibaki yavuze ko iyo nzamuzi idahuye n'ibwirizwa nshingiro kandi ko ataho ayo mafaranga yova uravye uko ubutunzi bwa Kenya bwifashe muri iki gihe.

Abashingamateka ba Kenya 222 baronka umushara badatangako ikori ungana hafi ama dollars 10.000 ku kwezi mu gihe muri Kenya imushahara w'umukozi muri rusangi utarenga ama dollars 1500 ku mwaka.

Ariko n'ubu abo bashingamateka baracatera igere kugira barabe ko boronka ayo mafaranga.

Bazanye integuro y'ingingo isubiramwo itegeko rigenga amafaranga igihugu gikoresha kugira baronke ayo mafaranga.

Ejo harabeye imyiyerekano muri Kenya aho abanyagihugu bavuze ko abo bashingamateka ari ibisambo.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.