Afrika iriko irakemura ikibazo c'inzara

Ibiherutse kuvugururwa: 11 ukwa cumi, 2012 - 13:58 GMT
Afrika ngo yaragerageje kurwanya inzara

Afrika ngo yaragerageje kurwanya inzara

Icegeranyo ku kibazo c'inzara kw'isi cerekana ko Afrika yagerageje kuyirwanya kurusha Aziya y'ubumanuko mu myaka cumi iheze.

Ikigo The Globla Hunger Index casanze ukwiyongera kw'ubutunzi gukomeye kwarafashije kugabanya ibura ry'ibifungurwa hamwe no gufungura nabi muri Afrika.

Ngo ariko naho biri uko, ibihugu nka Eritrea n'u Burundi biracafise ico ico kigo cise "urugero rw'inzara ruteye ubwoba".

Icegeranyo kivuga ko Ubuhindi bwasubiye inyuma mu guhangana n'ikibazo c'inzara, naho ubutunzi bwabwo bwiyongereye cane.

Ngo ivyo vyatewe n'ubudasa bunini mu mpembo muri ico gihugu hamwe n'icicaro kibi gihabwa abagore.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.