Ishirahamwe rya Bulaya ryahawe agashimwe k'amahoro

Ibiherutse kuvugururwa: 12 ukwa cumi, 2012 - 11:31 GMT

Ikimenyetso c'ishirahamwe rya Bulaya

Umukuru w'umurwi ujejwe gutoranya abakwiye agashimwe kitiriwe Nobel Thorbjoern Jagland yavuze ko ishirahamwe rya Bulaya ryamaze imyaka 60 rifasha mu gusubiza hamwe, demokarasi n'agateka ka zina muntu.

Uwo murwi uvuga ko ishirahamwe rya Bulaya ryafashije uwo mugabane kwiyubaka inyuma y'intambara ya kabiri y'isi yose, ushima n' uruhara rwaryo inyuma y'itembagazwa ry'uruhome rwa Berlin mu 1989.

Umukuru w'umurwi w'ishirahamwe rya Bulaya Jose Manuel Barroso, avuga kw'ako gashimwe ari iteka rikomeye ku banyagihugu bagera ku miliyoni 500 zo mu bihugu binywanyi vy'iryo shirahamwe.

Avuga ko no mu bihe bigoye vy'ubutunzi, ishirahamwe rya Bulaya ryabereye akarorero ibindi bihugu vyo hirya no hino kw'isi.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.