Pakistan: Malala kuvurwa muri UK

Ibiherutse kuvugururwa: 15 ukwa cumi, 2012 - 18:35 GMT
Malala

Kubera ingene Malala yari amerewe, ambulance zategejwe kugenda buke buke

Wa mwana w'umukobwa w'imyaka 14 wo muri Pakistan, Malala Yusufzai, yarashwe mu mutwe n'aba Taliban kubera gusaba ko abakobwa boshirwa mu mashure, yashitse mu Bwongereza kuvurwa.

Yaciye ajanwa mu bitaro mu gisagara ca Birmingham aho abategetsi ba Pakistan bavuga ko akeneye ko ibice vy'umutwe wiwe vyononekaye bisubira guterateranywa n'ubwonko bugasubira kuvyurwa.

Abaganga bamusuzumye bavuga ko afise amahirwe yo gushobora gukira.

Ariko aravurirwa mu bitaro vyamenyereye kuvura abasirikate bakomerekeye ku rugamba.

Malala yari mu nzira aja i muhira avuye kw'ishure mu ntara ya Swat igihe hari umuntu yaca amurasa.

Aba Taliban bavuze ko bazomutera kandi hamwe yorusimba.

Emirats Zunze Ubumwe z'abarabu nizo zatanze indege n'abaganga bo kumujana mu Bwongereza.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.