Syria: Brahimi asaba Iran gufasha

Ibiherutse kuvugururwa: 15 ukwa cumi, 2012 - 12:59 GMT
Lakhdar Brahimi

Lakhdar Brahimi avuga ko ibintu biguma vyunyuka muri Syria

Intumwa ya ONU Lakhdar Brahimi yasavye ko Iran yofasha kugira hashirwe mu bikorwa amasezerano yo guhagarika intambara muri Syria kuva ku munsi mukuru wa Eid al-Adha.

Brahimi yavuze arangije urugendo i Teheran ko ayo masezerano yotuma muri Syria haboneka inzira ya politike.

Hagati aho Turkia yamenyesheje ko igitigiri c'impunzi z'abanyesyria mu makambi y'ico gihugu ubu zirenga 100.000.

Turkia yamenyesheje kandi ko yasatse indege yo muti Armenia yari ijanye imfashanyo muri Syria, igihe yari imaze kwururuka nk'uko vyari bitegekanijwe.

Abategetsi ba Syria ngo bashaka kuraba ko ata bigwanisho birimwo imbere y'uko bayireka ngo ibandanye igana igisagara ca Aleppo muri Syria.

Ku ndwi iheze Turkia yarurukije ku nguvu indege ya Syria ivuga ko yikeka ko yoba yari itwaye ibikoresho vya gisirikare bigenewe igisirikare ca Syria.

Syria n'Uburusiya bikaba vyarahakanye ko iyo ndege ata kintu na kimwe yari itwaye kitari cemewe n'amategeko.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.