Umugwi witwaje intwaro wateye mu Cibitoke

Ibiherutse kuvugururwa: 23 ukwa cumi, 2012 - 17:00 GMT
Ikarita y'Uburundi

Ikarita y'Uburundi

Igisirikare c'u Burundi kivuga ko kiriko kiratana mu mitwe n'umugwi witwaje ibirwanisho muri komine ya Buganda mu ntara ya Cibitoke.

Ngo uwo mugwi wari ufise umugambi wo kwerekeka mw'ishamba rya Kibira, utangirwa n'abasikare b'u Burundi, imirwano ukaba yadutse mu gitondo c'uno munsi.

Uwo mugwi kandi ngo waje uturutse muri Republika iharanira intwaro rusange ya Congo.

Umugwi uvuga ko witwa Force Pour la protection du Peuple Murundi, FPM, watangaje ko ariwo watanye mu mitwe n'abasirikare b'u Burundi mu ntara ya Cibitoke.

Uwo mugwi unemeza ko ufise ishami rya politike ryitwa ADN Burundi, uvuga ko ushaka kurwanya akarengane mu Burundi.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.