Igihuhusi Sandy mu buseruko bwa Amerika

Ibiherutse kuvugururwa: 29 ukwa cumi, 2012 - 15:21 GMT

Amashusho yo mu kirere y'igihuhusi Sandy

Igihuhusi Sandy gikomeje gusatira inkengera z'ubuseruko bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, aho abageramiwe baharurwa muri miliyoni mirongo itanu.

Abajejwe kugendereza ikirere bagabisha ko ico gihuhusi gishobora kubangamira cane cane inkengera z'amaleta ya Virginia, New Jersey na New York.

Ibice vya New York City biri hasi mu biyaya vyitezwe kurengerwa n'imyuzuri.

Abantu baharurwa mu bihumbi amajana ane nibo bamaze gusabwa kwimuka.

Amashure muri leta ya New York arafunze, ibikorwa vyo gutwara abantu n'ibintu vyahagaze, ndetse bwabaye ubwa mbere n'isoko Stock Exchange rihagarara kuva mu 1985.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.