Obama yagendeye New Jersey

Ibiherutse kuvugururwa: 31 ukwa cumi, 2012 - 17:44 GMT

President Obama yari yahagaritse igikorwa co kwiyamamariza amatora mu kiringo c'iminsi ibiri kugira yiteho igikorwa co gutabara abahuye n'akaga k'igihuhusi sandy.

Ico gihuhusi cahitanye abantu barenga 50 mu maleta 9, nayo miliyoni 60 z'abanyagihugu ntibagira umuyagankuba, cane cane muri New York City.

Ariko aho ubuzima busanzwe buriko buragaruka buke buke, isoko ry' imitahe ryasubiye kugurura, ibibuga vy'indege bibiri vyongeye gukora.

Ama bus na gali ya moshi zo hejuru zirarengana, ndetse n'amayira yo mu kuzimu buca yongera gutangura gukora.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.