Rwanda: Abarenga ibihumbi 71 bakatiwe na Gacaca badahari

Ibiherutse kuvugururwa: 1 ukwa cumi na rimwe, 2012 - 14:59 GMT

ahashashe sentare ya Gacaca

Ubushinjacaha bw'u Rwanda buvuga ko bwashikirijwe na Gacaca ama dosiye y'abantu ibihumbi mirongo indwi na kimwe n'amajana atanu na mirongo itanu n'umunani.

Ngo abo bantu ni abakatiwe na Gacaca atariho bari, igihe izo nkiko zugara mu kwezi kwa gatandatu muri uno mwaka, ama dosiye yabo aca ahabwa ubushinjacaha ngo bubafate.

Umuvugizi w'ubushinjacaha bw'u Rwanda, Jean Bosco Siboyintore, yabariye BBC ko biri mu nshingano z'ubushinjacaha gukurikirana abo bantu, bagafungwa canke bakunguruza urubanza.

Abo bantu barenga ibihumbi mirongo indwi, bahamijwe na Gacaca icaha ca jenoside atariho bari, bikaba vyibazwa ko bakwiragiye hirya no hino kw'isi co kimwe no mu Rwanda, eka mbere bikaba binashoboka ko bamwe batakiriho.

Igitigiri ni kinini

Bwana Siboyintore yavuze ko naho ico gitigiri ari kinini, ngo ntibitangaje kuko abitabiriye jenoside yo mu Rwanda mu 1994 ngo bari benshi cane.

Umuvugizi w'ubushinjacaha bw'u Rwanda avuga ko ayo madosiye akiri ku rwego rwo gutohozwa, mu nyuma hazokurikire gusohora impapuro zo kubafata.

Ico gikorwa ariko gisa n'ikitazokworoha, kuko kuva ubushinjaca bw'u Rwanda butangura gukukirirana abagirizwa jenoside, bumaze gusohora impapuro zo gufata 146 gusa.

Bwana Siboyintore avuga ko muri abo bamwe baramaze gufatwa, eka mbere n'imanza zikaba zarabaye, izindi nazo ziriko ziraba mu bihugu bitangukanye harimwo n'ivy'i Buraya.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.