Nigeria:Urwaruka ruricwa muri Maiduguri

Ibiherutse kuvugururwa: 2 ukwa cumi na rimwe, 2012 - 12:59 GMT

Igisirikare ca Nigeria

Umwe mu baba mu muji wa Maiduguri, umwigisha w'idini rya Islam yabwiye BBC ko kw'ibarabara abako honyene abantu bakiri bato 11 barimwo abahungu biwe 4 bagandaguwe.

Yemeza ko habaye ubwicanyi ndengerabutungane mu gihe abajejwe umutekano bavuga ko bariko bahiga abanywanyi ba Boko Haram.

Umuvugizi w'igipolisi muri Maiduguri yavuze ko ataco azi kur'ivyo.

Lieutenent Colonel Sagir Musa ariko yabwiye BBC ko hazokorwa amatohoza.

Maiduguri n'umuji urwiriyemwo abanywanyi b'umurwi Boko Haram, urwanira gushiraho amategeko ya ki islam muri Nigeria.

Abantu benshi baramaze kwicwa mu bitero vyitiriwe Boko Haram muri iyi myaka 2 irangiye.

Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Amnesty International mu cegeranyo caryo, rivuga ko abajejwe umutekano bakoze amabi mu gihe co guhiga uwo murwi Boko Haram.

Ivyo bikorwa vy'ubugizi bwa nabi biregwa igisirikare birimwo kwica, kwica urubozo, no guturira amazu y'abanyagihugu basanzwe.

Ivyo igisirikare kirabihakana.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.