Amakungu arakeza Prezida Obama

Ibiherutse kuvugururwa: 7 ukwa cumi na rimwe, 2012 - 11:33 GMT
Prezida Obama n'umuryango wiwe amaze gutsinda

Prezida Obama n'umuryango wiwe amaze gutsinda

Abakuru b'ibihugu hirya no hino kw'isi babandanije kurungika ubutumwa bwo gukeza umukuru wa leta zunze ubumwe za Amerika ku ntsinzi yasubiye gutahukana.

Umushikiranganji w'Ubushinwa ajejwe imigenderanire yavuze ko umukuru w'igihugu Hu Jintao n'umushikiranganji wa mbere, Wen Jiabao, bakeje Prezida Obama.

Umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu, yavuze ko ubucuti hagati y'igihugu ciwe na Amerika bukomeye vy'akarorero.

Nayo umukuru w'igihugu wa Palestine, Mahmoud Abbas yahamagariye Obama kubandanya umugambi w'amahoro mu burasirazuba bwo hagatu, mu gihe umukuru wa Afghanistan, Hamid Kharzai, yavuze ko yizeye ko ugufashanya na Amerika kuzokwiyongera.

Habaye ibiroro vyo kwigina intsinzi ya Obama mu kigwati ca Kogelo muri Kenya, aho inakuru wiwe Sarah Dholuo aba.

Mu kiganiro n'abanyamakuru, Sarah yabwiye umwuzukuru wiwe gukora neza akazi yahawe, ategeke neza.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.