President Assad ngo ntazova muri Syria

Ibiherutse kuvugururwa: 8 ukwa cumi na rimwe, 2012 - 14:55 GMT

President Assad yabwiye TV y'abarussiya Roussiyana Al_Youm ko azoba mu gihugu iwe kugeza apfuye.

President wa Syria yabwiye Television y'aba Russia ko azoba muri Syria kugeza apfuye, akavuyga ko atiteze kubona umuzo w'ingabo mvamakungu mur'ico gihugu.

Iyo ngingo yo kurungika ingabo z'ibihugu vya Bulaya muri Syria, president Bashar Al Assad avuga ko hamwe yoramuka ifashwe yotwara amafaranga menshi cane.

Kubwa president Bashar Al Assad, ngo Syria nico gihugu co mu karere k'abarabu cari gisigaye kirimwo ubutegetsi butsimbataye budashingiye ku vyiyumviro vy'amadini.

Ngo gutembargara k'ubwo butegetsi bizogira ingaruka zishobora gukwira isi yose.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.